GUKUNDA NO KUBABARIRA ATA KIGUZI

Iyo ijambo ry’Imana riduhimiriza kwigana Imana, mu vy’ukuri riba ririko ridusaba gukunda no kubabarira nk’uko Imana ibikora: Imana ikunda kandi ibabarira ata kiguzi.

Bibiliya ivuga muri Yohana 3:16 ko « Urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. »

Ninde mu bantu, yasavye Imana kutubera uwambere mu kudukunda gushika n’aho itanga umwana yakunda?
Nta n’umwe. Imana yabikoze kubg’urukundo rwayo gusa.
Kuberiki none abandi bategerezwa kugira ico bakora kugira tubagaragarize urukundo gwacu?
Kuberiki none abandi bategerezwa kudusaba ikigongwe mbere bakanatwinginga cane kugira tubababarire?
« Mu kameremere kacu twar’ abo kurakirwa, nk’abandi bose. Arikw Imana, kukw ar’ umutunzi w’ikigongwe, kubg’ urukundo rwayo rwinshi yadukunze, hamwe twari tugipfuye, twishwe n’ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo »(Abanyefeso 2:1-9)
N’aho dushobora kuba twibaza ko dukwiriye kwihora abatugirira nabi, Imana iratwigisha, mu rukundo rwayo, ko ahubwo dukwiriye kubababarira.
Nimba turi abana b’Imana, dukwiriye kuyigana mu gukunda no mu kubabarira ata kiguzi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze gukunda no kubabarira ata kiguzi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *