GUTANDUKANA S’UKWANKANA

N’ubwo Imana ihora yemerera abantu ko batandukana, iranka kubi ko bankana kuko urwanko ari rubi, ruva kwa Satani.

Akarorero, n’ivyabaye kuri Aburahamu na Loti:
Baratandukanye, ariko hagumaho intonganya hagati yabo. Niho rero Aburahamu yabwira Loti ati: « Ndakwinginze, hoye kuba intonganya hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abawe, kuko tuvukana. »(Itanguriro 13:8)

Abantu batandukana kugira bagukirwe, baronderere imigisha ahandi, bater’imbere, birinde ivyotuma bahorana intonganya.
Ariko birababaza iyo, inyuma yo gutandukana, hagize uwugenda aravuga uwundi nabi, amutyoza, canke iyo hagumyeho intonganya hagati yabo.
Muvy’ukuri, iyo ata mwuka w’urwanko urimwo, nta nzigo canke imanza canke intonganya bikurikira.
Ariko, umwuka w’inzankano no kwicamwo ibice uva kwa Satani.
Ibi bisigura ko abagenda batyoza abantu batandukanye nabo baba atari abakristo beza, kuko bagaragaje umwuka wa Satani.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kwumva ko gutandukana rimwe na rimwe ari vyiza, kandi ko dukwiriye guhora duhana amahoro na bose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *