IGIKURU, N’ICO IMANA IKUVUGAKO

Iyo abantu bumvise ibintu vyiza kuri wewe, barihorera.
Iyo bakwumviseko ibintu bibi, barabikwiragiza nk’umuriro.
Iyo naho ataco bakwumvuseko, ntibabura ivyo barementanya.
Ni bibi cane!
Ariko, ni ngombwa kumenya ko udashobora kugenzura ivyo abandi bantu bakuvugako canke uko bakubona. Igikuru n’ico Imana ikuvugako, canke uko ikubona.
None Imana Yo ikuravye ibona ur’agahore?

« Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore. »(Matayo 5:48)

Ukwiye rero kurondera kuba agahore no kureka ibikorwa vyawe bikaba arivyo vyivugira. Ivyo bizotuma imico yawe n’ubunyankamugayo bwawe bikayangana, abantu bazima bakakumenya kandi bakagushimira uwo uriwe.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora turondera kuba agahore nkawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *