IMANA IDUSHIRA HEJURU KUBG’ICUBAHIRO CAYO

Iyo Imana idushize hejuru, haba ari kubg’icubahiro cayo, ntihaba ari kubw’icubahiro cacu. Dukwiriye kwicisha bugufi tukamenya KO icubahiro cose ar’ic’Imana.

« (Uziya) amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe… »(2 Ingoma 26:16)

Uziya yimitswe kuba umwami afise imyaka 16.
Yari yabayeho yubaha Imana; akora ibishimwa n’Uhoraho, Imana nayo imuha umugisha (2 Ingoma 26:4,5).
Haheze igihe, ibintu vyarahindutse, amaze kwibona ko ari agahambaye, kuko yari ashigikiwe bitangaje, yaciye atangura kwishira hejuru mu mutima wiwe, bituma yubahuka gukora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe.(v.15,16):
Uziya yubahutse kwinjira mu rusengero rw’Uhoraho ngo yosereze imibavu ku gicaniro ihora yoserezwako kandi atabirekuriwe(umurongo wa 16), bityo aba arwanyije ku mugaragaro itegeko ry’Imana.
Birashoboka ko ari ubwibone bwoba bwaramutumye yibaza ko amategeko y’Imana akurikizwa na bose kiretse we gusa!
Ariko Uziya amaze kurakarira abaherezi kubera bamuhanuye bakamubgira bat’ Ewe Uziya, s’igikorwa cawe kwosereza Uhoraho imibavu, n’ic’ abaherezi bo mu ba Aroni barobanuriwe kwama bayosa, bat’enda va aha hantu hera, kuk’ ucumuye, kand’ivyo nta cubahiro bizoguhesha kivuye k’Uhoraho Imana, yagiye abona imibembe isheshe kuva mu ruhanga rwiwe ikwira n’umubiri wose(imirongo ya 18-20).
Reka tumenye rero ko iyo Imana idushize hejuru, haba ari kubw’icubahiro cayo ntihaba ari kubw’icubahiro cacu.
Iyo naho duciye twishira hejuru, tugatangura kwihesha icubahiro cayo, tuba turiko turacumura tutabizi, kuko tuba turiko turababaza Imana yo NYEN’ICUBAHIRO.
Dukwiriye kubana n’Uhoraho Imana yacu dufise umutima uciye bugufi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora twibuka ko udushira hejuru kubg’icubahiro cawe gusa.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *