IMANA IKWIBUKE !

Imvugo « Imana ikwibuke » ntisigura ko Imana yakwibagiye, oya! Imana ntawe yibagira!
N’imvugo yo muri Bibiliya ivuga ko Imana ishobora kuguhindurira amateka, kandi ikakugira umuntu w’agaciro mu bandi.

« Imana yibuka Rakeli, iramwumvira, izibura inda yiwe. Asama inda, avyara umuhungu, at’ Imana iranteturuye. »(Itanguriro 30:22-23)

Amakuru meza avuga ko Rasheli yavyaye umwana yarashikiriye Leya, mukeba wiwe, maze akwira mu gihugu cose.
Muvy’ukuri, iyo Imana yibutse umuntu, abantu bose, harimo abansi n’abakeba biwe, bose baravuga kuvyo Imana yamukoreye.
Imana ikwibuke nawe uyu munsi, iguteturure, isubize amasengesho yawe kandi ufungure ibihe vyiza vyose Satani yari yarazibiye mu buzima bgawe.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kumenya kurindira mu kwizera, umunsi uzotwibukirako.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *