IMANA ISUBIZA GUTE IBISABISHO VYACU ?

Imana ishaka ko tuyibwira ibibazo vyacu, kandi yadusezeranije kuzotwumviriza igihe cose tuzobikora.

Dawidi yaranditse ati: “Jeho nzokwambaza Imana, Uhoraho… Na we azokwumva ijwi ryanje.”(Zaburi 55:16-17)

Imana ntiyumva gusa, ahubwo irajwe ishinga no gusubiza. Gusa, Isubiza amasengesho yacu mu buryo tutaba twiteze, kandi birashika ko tutanamenya n’uko yanamaze no kudusubiza.
Ibaze!
Iyo tuyisavye inkomezi, Imana iduha ingorane zo kudukomeza, kuko ingorane zituma dukomera.
Iyo tuyisavye ubwenge, Imana iduha ibibazo vyo gukemura, kuko ibibazo ducamwo bituma tugira ubwenge, n’ubwitonzi; kandi rimwe na rimwe, dukeneye kuba abanyabwenge kugira ngo dukemure ibibazo bimwe bimwe.
Iyo tuyisavye ubutwari, Imana iduha amagume yo gutsinda, kuko vyanka bikunda dutegerezwa gutsinda ibigeragezo n’ivyago duhura navyo kandi navyo bituma tuba intwari.
Iyo tuyisavye urukundo, Imana iduha abantu bafise ibibazo kugirango tubafashe, kuko tudashobora gufasha umuntu tudafise urukundo.
Uko niko Imana isubiza ibisabisho vyacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora tumenya kandi twumva ibisubizo vyawe ku bisabisho vyacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *