IMANA NI YABIGOMBA !

Twese ntawutarahemukirwa n’abantu bamwemereye ibintu ntibabimukorere. Kandi muvy’ukuri, natwe ntawe bitarashikira ngo ntiyubahirize ivyo yiyemeje canke amasezerano yagiranye n’abandi, bitamuvuyeko. Ivyo bisigura ko vyose biva ku bugombe bw’Imana.

Igihe yashaka kuva muri Efeso, intumwa Pawulo yabgiye bagenzi biwe ati:
« Nzogaruka ikindi gihe, Imana ni yabigomba. » Avuduka muri Efeso ari mu bgato.(Ivyakozwe 18:21)

Pawulo yari afise ukuri, kuko ntaco dushobora gukora Imana itakigomvye.
Isanganya, indwara, gufungwa, kwirukanwa mu kazi, kimwe n’urupfu n’ibindi vyinsi birashobora kutubuza gukora ivyo twateguye canke twasezeranye gukora.
Birumvikana ko dutegerezwa gusengera imigambi yacu yose, ariko dukwiriye kumenya ko imigambi yacu izasohora gusa « Imana ivyemeye. »(Abaheburayo 6:3)
Nivyiza rero ko tugira akamenyero ko guhora tuvuga ngo « IMANA NIYABIGOMBA », iyo dusezeranye canke duteganya gukora ikintu.(Soma muri Yakobo 4:14-15)
Kandi IMANA IBIGOMVYE, ntakintu na kimwe coshobora kutubuza ivyo yatwemereye.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twubaha ubugombe bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *