IMPAMVU NZIZA YO KUDASUBIRA KWIGANYIRA

Yesu araduha impamvu yumvikana ituma tudakwiriye gusubira kwiganyira: Ni kubera dufise Data yuzuye urukundo mw’ijuru.

“Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki? Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena.”(Matayo 6:31-32)

Muri iyi mirongo yavuzwe haruguru, Yesu adoma urutoki ku kibazo dushobora kuba tutazi: Burya Data wo mw’ijuru arazi ivyo dukeneye vyose.
Nitwaba duhora twiganyira kubera ibiryo canke imyambaro, dukora nk’aho tudafise Data wo mw’ijuru yadusezeranije kutwitaho!
Erega Data aradukunda.
Ni naco gituma yitwararika kumenya ivyo dukeneye vyose.
Twaba tubizi canke tutabizi, tugaragaza ko tutizera ivyiza vyiwe n’ububasha bgiwe.
Yamara Bibiliya itubwira iti: « Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara. »(1 Petero 5:7)
Yesu nawe, araduhishurira ibanga. Atubwira ati:
« Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa. »(Matayo 6:33)

None urizera Imana nka So agukunda?
Niba umwizeye nka So agukunda, ntuzosubire kwiganyira.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kutazosubira kwiganyira.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *