INEZA YAWE NIYO ITUMA UKUNDWA

Igitabo c’Imigani kivuga ngo: « Ineza y’umuntu ni yo ituma akundwa… »(Imigani 19:22)
None sivyo ?

Doruka yazuwe na Petero kubera ineza yiwe, ivyiza yagiriye abapfakazi: Petero ageze mu nzu yo hejuru, aho bari bagandariye, abapfakazi bose bahagaze i ruhande yiwe « barira berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo. »(Ivyakozwe 9:36-41)
Uhoraho yakiririye Abeli ishikanwa ryiwe kuko ryari ryiza, ariko ntiyakiririye Kayini ishikanwa ryiwe kuko ritari ryiza.(Soma Itanguriro 4:3-5)

Muvy’ukuri, biragoye cane gukunda umuntu akora ibintu bibi, avuga amajambo mabi, yishira hejuru canke afise ingeso mbi. Uwo muntu iyo adahindutse, abantu baramuvako kuko biba bigoye kumwihanganira.
Ariko umuntu akora ivyiza, avuga amajambo meza kandi afise ingeso nziza, arakundwa cane n’abantu benshi. Abantu baramwifuza kuko baba bashima ineza yiwe.

Reka tube beza!

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kuba abantu beza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *