Umunsi umwe, Umwami Ahasuwerusi yategetse ko bamuzanira igitabo kidonda ibigenda biba ku ngoma yiwe, nuko, barakimusomera.
Bamaze kukimusomera, basanga canditswemwo yuko Moridekayi ari we yareze Bigitana na Tereshi, babiri bo mu nkone z’umwami, bo mu barinda umuryango, yuko bashaka kwica umwami Ahasuwerusi.
Nuk’ umwami arabaza ati:
« Mbega Moridekayi uwo, har’ ishimwe cank’ icubahiro yahawe kubg’ ivyo? »
Maz’ abasuku b’umwami bahereza baramwishura, bati « Nta co yahawe. »(Esiteri 6:3)
Niho rero umwami yiyemeza gushimira Moridekayi.
Ni muri ubwo buryo, biciye kuri Moridekayi, abayuda bose barokotse ihonyabwoko ryari ryateguwe na Hamani, umwansi w’abayuda.
Uko Umwami Ahasuwerusi yashimiye Moridekayi, niko Imana izodushimira bitebe bitebuke, ku vyiza vyose dukora.
Reka duhore dukora ivyiza, ntihagire ikiduca intege, kuko, umunsi umwe, Imana izokwugurura igitabo c’amateka yacu, ibone ivyiza twakoze, ibiduhembere.
IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe inkomezi n’ubutwari vyo gukora ivyiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA