INKINGI Z’UMUBANO MWIZA N’IMANA

Umukristo wese ategerezwa kugirana umubano mwiza n’Imana.
N’aho uyo mubano w’umuntu n’Imana utandukanye ku bantu, twese hari inkingi duhurirako zerekana umubano mwiza n’Imana:

1. Kwihana:
Kugirango tugumane umubano mwiza n’Imana, dutegerezwa kwihana tuguye mu caha.
Imana irera (Zaburi 99: 5) kandi ntiyihanganira icaha.
Muvy’ukuri, kuva tuvuka ubwa kabiri, icaha ntigishobora kutwica (Abaroma 8: 2), ariko kiratosekaza umubano mwiza dufitaniye n’Imana n’aho kidashobora gukuraho ko turi abana b’Imana.

2. Gusenga no Kwumviriza Imana:
Gusenga nibwo buryo dufise bgo kubgira Imana ikiri ku mutima wacu. Ariko Imana iba yifuza ko natwe tuyumviriza.
Iyo turi mu mubano mwiza n’Imana, tuvugana vyinshi kandi tuvugana kenshi. Dutegerezwa rero kuyumviriza nitwaba tuyubaha.
Turashobora kuyumvira mw’Ijambo ryayo, ariko dushobora no kuyumvira kuri Mpwemu Yera. Imana yaraduhaye Mpwemu Yera kugira atuvugishe, atuburire, atumurikire, atuyobore (Yohana 16:13).

3. Kumenya Imana:
Uko dutera imbere mu mubano wacu mwiza n’Imana, niko itwiyereka tukayimenya.
Kumenya Imana rero ni ukubona ukubaho kwayo kwa buri munsi mu buzima bwacu.
« Nari narumvishije ivyawe ugutwi, Ariko noneh’ ijisho ryanje rirakwiboneye. »(Yobu 42:5)
Ivyo navyo ntibisigura ukubona gusa, ahubwo ni no guhoza ku mutima, kwibonera Imana n’amaso y’umutima wacu.

4. Kwumvira Imana:
Imana ihimbarwa kwumvirwa kuruta ibindi vyose.
« Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ibindi bimazi gusumba umwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama. »(1Samweli 15:22)
Kwumvira ni ukwumvira ubugombe bw’Imana mu bice vyose vy’ubuzima. Kandi uku kuyoboka s’itegeko, ahubwo biterwa no kwizigira Imana nk’umuvyeyi wacu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kuguma mu mubano mwiza nawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *