ISHARI

Ishari n’iki?
Ishari n’ububabare butera umutima iyo tubonye umunezero canke ivyiza ku bandi, canke kutanezerezwa n’iterambere ry’abandi.

Igitabo c’Imigani kiratubwira ko “ishari ni nk’ikimungu co mu magufa.”(Imigani 14:30)

Ishari, n’indwara mbi yo mu mutwe.
Turashobora kumara no kubaho kwacu kwose, tutazi canke tudashobora kwemera ko tugwaye iyo ndwara, tutanazi ko twononekaye kubera iyo ndwara ikomeye yo mu mutwe.
Ariko muvy’ukuri, biranateye isoni cane kwemera ko ufise ishari kuruta uko wokwemera ko ugwaye iyindi ndwara iteye isoni!
Ubwibone nibwo butuma tutemera ko turi abanyeshari.
Ikibabaje, n’uko ishari ritwiyicira buhoro buhoro, ryica urukundo n’umunezero vyacu, kandi rihora ridusunikira gusenya abo turifitiye.
Gukira biboneka ku Mana, kandi muri Yesu niho dufise imiti.

IGISABISHO :
Uhoraho Mwami Mana yacu, dukize impwemu y’ishari kandi uturinde ibikorwa bibi vy’abantu badufitiye ishari.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *