IVYITWAZO BITAGIRA ISHINGIRO

Yifashishije umugani w’abantu banse kwitaba ubutumire bwo gusangira ku meza n’umwami, Yesu aratwereka ingene abantu banka kwitaba ubutumire kubera ivyitwazo bitagira ishingiro.

Hageze gufungura, umwami yatumye umushumba wiwe abwira abashitsi ati: “Ni muze, kuko bihejeje gutegurwa.”(Luka 14:17)
Ariko abantu bose bahurije hamwe batangura gusaba imbabazi bisigura.
Uwa mbere aramubwira ati: « Naguze itongo, nkwiye kuja kuriraba; ndakwinginze, uramvugira antunge. »(Luka 14:18)
Uwundi ati: « Naguze inka cumi, ngiye kuzirimisha ngo ndabe; ndakwinginze, uramvugira antunge. »(Luka 14:19)
Uwundi ati: « Narongoye, ni co kimbujije kuza. »(Luka 14:20)

Baje bafise ivyitwazo bitagira ishingiro.
Nico kimwe natwe, hari aho twanka kwitaba umuhamagaro w’Imana canke twanka gukora ico Imana yipfuza ko dukora, twitwaje ibintu bitagira ishingiro.
Ico gihe, haba hari ikindi kintu twahaye agaciro ugereranije n’ivyo tuba twategerezwa gukora.
Kenshi na kenshi, ni Satani aba yatwitambitse imberbe kugira atuyovye kubera adashaka ko dukora ivyo Imana ishaka n’ivyotugirira akamaro.
Bigenda gute? Satani aduteza ubwoba kugira aduce intege, canke agakwegera ivyiyumviro vyacu ku kindi kintu, akatwereka ko cihutirwa kandi gifise akamaro kuruta ivyo Imana iduhamagarira gukora muri uwo mwanya.
Bica butuma rero dutegerezwa kurondera ivyitwazo bitagira ishingiro kugira twisigure, twihe amahoro, canke tubabarirwe.
Imana idufashe, duhore dukora ivyo yipfuza KO dukora imisi yose.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutazosubira kwanka kwitaba akamo kawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *