IYO ABANDI BATSITAYE…

Intumwa Pawulo aratubwira inyifato twogira tubonye abandi batsitara:

« Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye umeze artyo, mumuhanurishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi. »(Ab’i Galatiya 6:1)

Aha Pawulo ntavuze ku bantu basanzwe bibera mu vyaha, ahubwo avuze ku bantu batsitara ariko bari basanzwe bari mu nzira y’ubuzima buhesha icubahiro Imana.
Iyo ivyo bibaye, ntidukwiriye kubatwenga, kubararaza, kubagaya canke guca tubacira urubanza. Ntidukwiriye kandi no kwihanganira ivyaha vyabo.
Ahubwo, dukwiriye kubahanurisha umutima w’ubugwaneza kugira ntitubakomeretse.
Vyongeye kandi, dukwiriye kwiyubara kugira natwe ntidusange twaguye mu caha nkabo.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *