KUBA ABAGOROROTSI NTITUBIHABWA N’IBIKORWA, TUBIHABWA N’ABO TURI MURI KRISTO

Kugororoka bisigur’iki? Gukora ibigororotse? canke kuba umugororotsi?

Bibiliya itubwira ko inyuma y’ikimazi ca Yesu ku musaraba, Imana ntibona nk’abagororotsi abubahiriza amategeko, ahubwo ibona nk’abagororotsi abantu bemera Umwana wayo gusa.
« Ariko tuzi yuk’ umuntu adatsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar’ ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe. »(Ab’i Galatiya 2:16)
Kubera ko Kristo yafashe ivyaha vyacu akaduha gukiranuka kwiwe (soma 2 Ab’i Korinto 5:21), mu gihe tumwizeye, Imana idufata nk’intungane itaravye ibikorwa vyacu canke kuyubaha. Uko niko kugororoka kwo mw’isezerano risha.
« Arik’ udakora, akizera Itsindanishiriza abatayubashe, ukwizera kwiwe guharurwa nk’ukugororoka: nk’uko Dawidi na we yavuze ubuhirwe bg’umuntu uwo Imana iharura nk’ugororotse, atari kubg’ ibikorwa. »(Abaroma 4:5)

Ntituri abagororotsi kubera ukuntu tugororoka,
Ntituri abagororotsi kubera twihangana,
Ntituri abagororotsi kubera dusoma ibice 10 vya Bibiliya buri munsi,
Ntituri abagororotsi kubera twiyumvamwo ko turi abagororotsi.
Ariko turi abagororotsi b’Imana muri Kristo gusa kubera ikimazi ca Yesu catugize abagororotsi. Nitwaba twemera ibi, kwizera kwacu gutuma duharurwa mu bagororotsi.

Kandi niyo mpamvu Imana ishaka ko dukoresha kwizera kwacu.
Niwaba uri umugororotsi mu bikorwa vyawe, ntukeneye kwizera. Ntukeneye kandi kwizera kugirango umenye ko uri umunyavyaha. Ariko ukeneye kwemera, kwizera no kwamamaza ko uri umugororotsi w’Imana muri Kristo, mu rugamba rwawe n’ibigeragezo n’icaha.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kuba abagororotsi imbere yawe n’imbere y’abantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye.
Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *