«Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.» (Yohana 15:19)
Umukristo ahamagarirwa kuba mw’isi, ariko ntiyemere kugengwa n’uburyo isi ibaho.
Iyo Yesu avuze « isi », ntaba ariko avuga isi Imana yaremye canke abantu Imana ikunda, ahubwo aba avuga uburyo bwo kubaho burwanya Imana; aho ikinyoma gihabwa agaciro kuruta ukuri, ubwibone bugasubirira ukwicisha bugufi, ishari rikonona imigenderanire, igiturire kigafatwa nk’ikintu gisanzwe, kandi umuntu wese akironderera inyungu ziwe.
Kubaho muri iyo si utari uwayo, ni uguhitamwo kwubakira ubuzima bwawe ku rukundo, ku kuri, ku bugororotsi, ku mbabazi, ku mpuhwe no ku kwezwa.
None twobigenza gute kugira tube muri iyi si tutari abayo?
Bibiliya iratwigisha iti:
«Dushobozwa n’Imana.» (2 Abakorinto 3:5)
Intumwa Pawulo na yo ivuga iti:
«Nshobozwa vyose n’umpa inkomezi.» (Abafilipi 4:13)
Uwahaye Pawulo inkomezi ni wa Yesu Kristo nyene aduha inkomezi n’uyu musi. Kubw’ubuntu bwiwe, adushoboza kuba muri iyi si tutayigana kandi tutigana ingeso zayo.
Yesu yavuze ati:
«Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami… kukw ataco mubasha gukora mutamfise.» (Yohana 15:5)
Igihe cose tugumye twifatanya na Kristo, ubuzima bwiwe buraduhindura. Ntituba tigisubiza urwanko ku rwanko, ikinyoma ku kinyoma, canke ikibi ku kibi.
Ahubwo tugaragaza kamere ya Kristo.
Ubwato bwagenewe kugendera ku mazi, ariko burarengerwa iyo amazi yabwinjiyemwo.
Ni ko natwe Imana yadusize muri iyi si kugira tube umuco wayo, ariko ntishaka ko uburyo bw’iyi si bwinjira mu mitima yacu.
Ntitureke rero urwanko, igiturire, ubwibone canke ukwumvikana n’ikibi ngo bibe ari vyo bihindura ubuzima bwacu.
Ahubwo tugume muri Kristo, tugendere muri Mpwemu Yera, kandi tube ivyabona vy’intahemuka vy’Ubwami bw’Imana.
Isi ntikeneye abakristo basa nayo; ikeneye abigishwa basa na Yesu Kristo.
IGISABISHO:
Data wo mw’Ijuru, rinda umutima wanje kugira ntuganzwe n’ingeso z’iyi si.
Mfasha kuguma muri Yesu Kristo kugira ubuzima bwanje bugaragaze urukundo rwawe, ukuri kwawe n’ukwezwa kwawe. Ungire umuco uguhesha icubahiro aho nzoba ndi hose.
Ndabisavye mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.
Shalom!
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
