KUBA UMWIZIGIRWA GUSHIKA KU RUPFU

Yesu yari afise abagenzi benshi gushika umunsi afatwa agatotezwa, akicwa.
Yuda amaze kumutanga, abandi bigishwa biwe baramuhevye barahunga, Petero nawe aramwihakana.
Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo na Salome, nibo bonyene bamuherekeje bamubera abizerwa, bamurambararako gushika ku rupfu:
« Maz’ isabato ishize, Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo, na Salome bagura ibimota neza, ngo baje kubimusiga. »(Mariko 16:1)

Kuba umwizigirwa gushika ku rupfu n’ukuba umwizerwa, guhoraho mu mahirwe no mu magorwa, kudahinduka, gushikama no kurambarara ku muntu gushika ku rupfu.
Nimba, cokimwe na Yuda, dushobora guhemukira abantu batugiriye neza kandi bakadufata nk’abagenzi, Nimba, cokimwe n’abigishwa ba Yesu, dushobora guheba abantu mu bihe bakeneye ubufasha bgacu cane, Nimba, nka Petero, dushobora kwihakana abantu tuzi mu bihe bakeneye cane intahe yacu, ntituri abizigirwa mu bucuti bgacu.
Yamara, uko kuba abizigirwa ku bandi niko gushingirintahe vy’ukuri ko turi ab’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze gukomeza kuba abizerwa ku bagenzi bacu gushika ku rupfu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *