KUBABAZWA

Kubabazwa ni kimwe mu bintu Imana yemera ku bantu, kugira ihindure imitima yacu na kamere kacu uko iba ivyifuza.

« Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahingura rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi. »(1 Petero 5:10)

Turakunda gusenga ngo « Mwami mpindura! », Turashaka cane guhinduka no kumera nka Yesu cane; ariko tumenye ko inzira yo guhindura umutima yubatswe n’ububabare bukaze, agasuzuguro gakomeye n’ibigeragezo bitesha umutwe.
Ariko inyuma y’igihe runaka, Imana ubwayo iradusubiza buhoro buhoro, ikadukomeza ikaduhindura abakristo bakomeye, ikaduhingura, ubgayo kandi ikaturemesha, ikaduha n’inkomezi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kwihanganira ukubabazwa ducamwo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *