KUBAHO MU BUZIMA BG’AMAHORO

Kubaho ubuzima bg’amahoro birashoboka mugihe Imana iri mu ruhande rwacu. Umunezero wacu n’ivyizigiro biva ku Mukiza wacu ntibiva ku kuntu tubona twoyobora ubuzima bgacu.

Intumwa Pawulo yandikiye Abaroma ati:
« Imana Nyen’ amahoro ibane namwe mwese. Amen. »(Abaroma 15:33)

Imana Nyen’ amahoro yabanye natwe kuva igihe twakiriye kandi twizeye Yesu mu buzima bgacu, nk’Umwami n’Umukiza wacu.
Agasangwa Yesu ari muri twebge, dufise amahoro yuzuye kandi dushobora no kuyaha abandi.
Muvy’ukuri, abatubuza amahoro, abahungabanya amahoro mu miryango yabo, mu babanyi babo, aho basanzwe bakorera akazi canke imyuga, n’abantu baba badafise Yesu muri bo. N’ukuvuga ko ata mahoro baba bafise muri bo.
Vyongeye, ntidushobora kubaho ubuzima bg’amahoro nimba Yesu atari muri twebge kugira ngo adukomeze kandi atwizeze atubwira ati: « Nimuhumure, jewe naranesheje isi. »(Yohana 16:33)

IGISABISHO :
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kugumana nawe mu buzima bgacu bgose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *