KUBONA UBGAMI BG’IMANA NO KUBWINJIRAMWO

Nikodemu abajije Yesu inyigisho ziwe ico arico, yaramusubije ati:
« N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana. »(Yohana 3:3)

Nikodemu aramubaza ati:
« Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka? »(Yohana 3:4)

Yesu aramusubiza ati:
« N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana. »(Yohana 3:5)

Yesu aratandukanya Kubona ubgami bg’Imana no Kwinjira mu bgami bg’Imana.

Kubona ubgami bg’Imana, uwizera ategerezwa kuvuka ubwa kabiri.
Kugira ngo yinjire mu bgami bg’Imana naho, uwizera ategerezwa kuvyarwa n’amazi na Mpwemu.

None « kuvuka ubwa kabiri » bisigur’iki?
Ni ukwemera Yesu Kristo no guhinduka. ICO gihe, uwizera aca ababarirwa ivyaha vyiwe.
Biciye mu guhinduka, uwizera avyarwa mu buzima busha bw’impwemu mu buryo bw’Imana.
Biciye mu kwizera Yesu Kristo, no kubwo guhinduka kwiwe, uwizera aca amenya isi y’impwemu, kandi akabasha kubona ubgami bg’Imana.(Yohana 3:3)
Ariko, kwihana, kuba uwizera no kubona ubgami bg’Imana ntibihagije kuri Yesu. Yifuza kandi ko uwizera ashira ubuzima bwiwe munsi y’ubutware bwiwe kandi akaba umwigishwa wiwe.
Nivyo yita « kwinjira mu bgami bg’Imana ».

Kugirango ubashe kwinjira mu bgami bg’Imana naho, wavutse ubwa kabiri, uwizera ategerezwa kuvuka mu ntambwe zibiri zo kwumvira Imana: « Kuvyarwa n’amazi no Kuvyarwa na Mpwemu ».

“Kuvyarwa n’amazi” bisigur’iki?
Kuvyarwa n’amazi n’igishushanyo c’umubatizo mu mazi menshi, kwibizwa mu mazi, bikurikira guhinduka.
Umubatizo mu mazi menshi ni ukwemera Yesu, kwizera Kristo, vyerekana guhinduka no “kuvuka mw’isi y’impwemu”, bigaragarira bose. Iyi niyo ntambwe yambere yo kwumvira Imana.

“Kuvyarwa na Mpwemu” bisobanura iki?
Inyuma yo kubatizwa, Umukristo ategerezwa gushira ubuzima bwiwe munsi y’ububasha bwa Yesu. Ibi nivyo Yesu yise: kuvyarwa na Mpwemu.
Biciye muri iyi ntambwe ya kabiri yo kwumvira niho abizera bahinduka abigishwa ba Yesu Kristo.

Kuvyarwa n’amazi no kuvyarwa na Mpwemu, kubaho nk’umwigishwa wa Yesu, We (Yesu) avyita: kwinjira mu bgami bg’Imana.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe kwinjira mu bgami bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *