KUGARAGARA KO UHARI ARIKO ATARIHO URI

Woba uzi ikibi kuruta guta urugo?
Ni ukugaragara mu rugo ariko ubgenge n’umutima biri ahandi atari mu urwo rugo.

« Nk’ukw inyoni itaye icari iyerera, N’umuntu ni kw ameze, iy’ ataye urugo rwiwe akayerera. »(Imigani 27:8)

Birateye agahinda kuko vyonona imiryango myinshi buhoro buhoro kandi impera n’imperuka bikayisambura.
Ukuba mu rugo kwacu guhinduka nk’igihano.
Umuntu arabiye inyuma, abona ibintu vyose bisa n’ibimeze neza ariko yamara urukundo, ubgenge n’umutima atariho biri, vyaragiye kera.
Nivyaba ariko bimeze no kuri wewe, ikebuke, senga Imana igukure mu buyererezi, Imana igarukane iwawe umutima n’ubgenge vyawe.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazigera duta iwacu, imiryango yacu n’amasengero yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *