KUMENYA IMANA IYO BIDATANGURIYE KU RUKUNDO RWA KRISTO, BIBA BIPFUYE

Amadini yigishije abantu kumenya Imana, yigisha kwihana ivyaha kugira ngo ntibahone, abantu nabo baza kwihana bafise ubgoba bgo guhona, bituma batamenya urukundo rw’Imana ahubwo bamenya Imana ifise umugambi mubi wo guhonya, Imana yuzuye uburake, Imana ihora icunganye n’umuntu ukora icaha.

IMANA yacu n’urukundo, niyo kamere yayo.
« Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana idufitiye. Imana n’urukundo; kand’ uguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we. »(1 Yohana 4:16)

Iyo umuntu atazi ko Imana ari urukundo, ahora mu bgoba, n’ivyo akora vyose abikorana ubgoba, ntabikorana urukundo nk’uko Imana ibishaka.
Erega, Imana « yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo, nk’uko yabigomvye bikayihimbara: kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda. »(Abanyefeso 1:5-6)
Kubg’urukundo Imana ikunda umuntu, yamuremye igabiye kumugira umwana wayo.
Natwe nimba turi mu rukundo rwayo, dukwiriye kurabesha ibintu vyose amaso y’urukundo, kwakira no gukoresha ibintu vyose umutima w’urukundo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dufashe kwumva urukundo udukunda, kurubamwo no kurugumamwo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *