KUVA MU GUHEMUKIRWA TUJA MU MUNEZERO

Woba warigeze uhemukirwa?
Ngiyo inkoni yambere ya Satani kugira ngo adufatishe. Ashaka kutugira abaja biwe kandi inzira yoroshe yo kubikora n’ukuzana uguhemukirwa mu buzima bwacu.
Dukwiye kwitwararika ko uguhemukirwa bitotugirako inkurikizi.

« Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikira? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje. »(Zaburi 42:11)

Uko imisi ihera, niko guhemukirwa biganisha ku gucika intege. Gucika intege navyo, bizana gutakaza ivyizigiro n’ishaka.
Iyo dutakaje ivyizigiro, twisanga mu bitero mu bice vyose vy’ubuzima bwacu: ivyiyumviro vyacu, amarangamutima yacu, ubuzima bwacu, ubugombe bwacu, umuryango wacu, intunga ryacu, n’ibindi.
Satani akunda ivyo, kubera guhemukirwa no gutakaza ivyizigiro, bituma tuva ku Mana, tukigunga kugira ngo dukemure ibibazo vyacu twenyene, kuko ariho tworohera cane ibitero vyiwe.
Reka ahubwo twitonde, ntitumuhe ayo mahirwe.
Ku rundi ruhande, kugira ngo tubivemwo, dukwiye gukomeza ukwemera kwacu no kwizigira Imana, kuko, « ukwo kwizigira ntigutetereza. »(Abaroma 5:5)
Dufise ukwizigira ku bintu runaka, guhemukirwa kwacu nta nkomezi kuba kugifise zo kudusubiza inyuma. Twizera ko Imana izohora iducira inzira ahatagira inzira kandi ko amasezerano yayo ari ay’ukuri.
Ivyizigiro vyacu biri mur Mana ntibiri mu bihe turimwo, ng’iyo impamvu yo kwifatanya n’umuririmvyi wa zaburi no guhimbaza Umukiza wacu n’Imana yacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutareka uguhemukirwa ngo kuduce intege.
Ni mw’izina ry’agaciro ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *