KUVA MU MURIRO ATACO TUBAYE !

Abagabo batatu b’Abayahudi, Shaduraka, Meshaki, na Abedunego, bakuze bitonda kandi bubahwa nk’abayobozi i Babuloni.
Ariko, kubera ko banse kwunama imbere y’ishusho ya zahabu no kuyisenga, nk’uko Umwami Nebukadinezari yari yabitegetse abantu bose, babataye mw’itanura ryaka umuriro uhinda incuro indwi kuruta uko vyari bisanzwe.
Shaduraks, Meshaki, na Abedunego bari bizeye ko Imana itegerezwa kubakiza.
« Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda. »(Daniyeli 3:17)

Kukaba nkako, igihe Umwami Nebukadinezari yitegereje mu muriro, yabonye abagabo bane bigendagendera mw’itanura ataco babaye – Shaduraka, Meshaki na Abedunego, n’uwundi muntu.
Yavuze ati: « Erega ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi nta co babaye; kand’ ishusho y’uwa kane isa n’iy’ umwana w’imana. »(Daniyeli 3:25)

Umwami Nebukadinezari yaciye akura abo bagabo mu muriro, abashinga amabanga ahambaye kuruta ayo bahorana, anategeka ko Imana ya Isiraheli ariyo yosengwa.

None, uwo muntu wa kane yari nde?
Ni Yesu Kristo ubgiwe.
Umuriro wacu urashobora kuba ari ibibazo n’ibigeragezo canke ibindi vyago, ariko nimba Yesu ari kumwe natwe, umuriro uwo ari wo wose dushobora gucamwo ntaco uzotugira.
Nimba rero twemera Yesu kandi dushobora kwatura dufite kwizera nka Shaduraka, Meshaki na Abedunego, ko « nitwaca mu bibazo n’ibigeragezo canke mu bindi vyago, Yesu ari kumwe natwe azoshobora kubidukiza », Yesu ntazoduhemukira, azogumana natwe kandi umuriro w’ibibazo canke ibigeragezo ntuzoshobora na rimwe kuduturira.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, duhe guhora tukwizeye mu bibazo no mu bigeragezo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *