KWAMBAMBIRA IMANA MU BIHE BIKOMEYE

Ni nde twambambira mu mibabaro?
S’umugenzi somambike? S’ umwe mu bagize umuryango twizeye, umujanama canke umuntu adukunda gusa?

Igihe Elifazi yari ababajwe n’ivyariko birashikira Yobu, yamuhabuye kwambambira Imana mu bihe bikomeye vy’ubuzima yarimwo. Yamubwiye ati :
« Arikw iyaba jewe, mba narambambiye Imana, Iryo mfise mba naryitwaye ku Mana. »(Yobu 5:8)

Hariho benshi barondera Imana bakayitura mu bihe vy’ububabare gusa. Abo ntibameze nka Yobu, kuko mu bisanzwe, Yobu yari umwizerwa ku Mana.
Abo bo, biberaho igihe kirekire batizera Imana, bakibera no mu vyaha ariko iyo bahuye n’ivyago kubera indwara ikomeye, kwirukanwa nabi mu kazi, gufungwa canke ikindi kibazo kibi, ico gihe baca batangura kurondera Imana, Imana batigeze bumvira canke ngo bakorere!
Kubantu bemeye Yesu nk’umwami n’umukiza wabo, Imana ni papa wabo, umugenzi wabo, incuti yabo, umujanama wabo, n’umuyobozi wabo. Ihora iri hafi yabo cane kuko iba mu mitima yabo. Nico gituma ibarinda kandi ikitaho ibibabangamiye, batiriwe baratabaza.
Kubw’amahirwe, kubera ko ari nziza Kandi n’ inyembabazi, Imana ihora isubiza gutakamba kw’abayitura bose n’aho bataba ari abana bayo canke incuti zayo.
None birakwiye ko turindira kubanza kubabara canke kugira ivyago kugira turondere Imana kandi tuyegere?
Oya, reka tuyirondere uyu munsi nyene, mbere n’ubu nyene.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe guhora turondera kubana nawe no kugumana nawe mu bihe vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *