MBEGA TUZOMENYANA ?

Ikibazo abizera benshi bibaza iyo biyumviriye kuvy’ijuru n’uko nibahashika bazohamenyanira n’abo bazohasanga.

« Maze Mose na Eliya barababonekera, bavugana na we. Petero abgira Yesu, ati Mugenzi, bitubereye vyiza ko turi hano: ni wabigomba ndaca insago zitatu hano, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. »(Matayo 17:3-4)

Kuba Mose na Eliya barababonekeye, hanyuma Petero n’abandi bigishwa bagaca babamenya, n’ikimenyetso ko nitwashika mw’ijuru tuzomenyana n’abo tuzohurirayo bose.
Igitangaje, nk’uko abigishwa bamenye Mose na Eliya, n’uko n’abo tuzoba tutarigeze tumenya canke tubona tukiri kw’isi tuzomenyana nabo.
Ese ingene bizoba vyiza kuzosubira kubona incuti n’abagenzi !
Umubano wacu ntuzosubira kubangamirwa n’umutima mubi canke ivyaha, ahubwo uzoba mwiza kandi usukuye.
Ikiruta vyose, n’uko tuzomenya Yesu.
Uko tumwitaho aha kw’isi, niko bizorushaho kuba vyiza kumubona amaso mu yandi.
Erega tutahamusanze, ntihoba ari mw’ijuru kuko niwe ubuzima buhoraho buhagazeko.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe ivyizigiro vyo kuzosubira kubona incuti n’abagenzi bapfuye, mw’ijuru.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *