MISI YOSE N’ABANDI !

Adamu amaze gucumura, yaciye abona ko yambaye ubusa!
Uhoraho Imana aramubaza ati:

« Ni nde yakubariye ko wambaye ubusa? Mbega wariye kuri ca giti nakubujije kuryako? »(Itanguriro 3:11)

Aho kwemera, Adamu yaciye yisigura agira ati:
« Umugore wampaye ngo tubane, ni we yampaye ku vya ca giti, ndarya. »(Itanguriro 3:12)

Umwami Imana abajije umugore nawe igituma yabikoze, na we yanse kwemera, amwishura ati:
« Inzoka yampenze, ndabirya. »(Itanguriro 3:13)

Mu vy’ukuri, ku bantu benshi, biragoye guca twemera amakosa twakoze, kenshi twihutira kwisigura no gushira amakosa ku bandi ha kwemera no gusaba ikigongwe.
Nk’abakristo, twategerezwa kwicisha bugufi, tukemera amakosa yacu kandi tugasaba ikigongwe.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kwama twemera amakosa yacu no kwama dusaba ikigongwe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *