MURAHAWE IKAZE MU BERA !

Uwera, nanje ndiwe.
Urashobora kuvuga uti oya kuko wibaza canke wigishijwe ko umuntu adashobora kuba uwera, ko uwera ari Imana yonyene.

None, uwera bisigura iki? Mu nkomoko yaryo ijambo uwera risigura umuntu yemeye Kristo, umuntu utandukanijwe n’abandi kubw’umugambi udasanzwe w’Imana. Kubera iyo mpamvu, abigishwa bose ba Yesu Kristo ni abera.
Mu mabaruwa yiwe menshi, intumwa Pawulo yita abo ayandikira abera, harimo n’ab’i Korinti, bari basanganwe ibibazo bikomeye vy’imyitwarire na tewolojiya!
« Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa. »(1 Abakorinto 1:30)

Niwaba wararetse ivyaha vyawe ukizera Yesu n’ivyo yakoze ku musaraba, uri uwera.
Uwera bisobanura iki? Bisobanura ko Imana yagutandukanije n’abandi kubw’imigambi yayo idasanzwe kur’iyi si kandi yaduhaye Mpwemu Yera ngo abe muri twebge. Mpwemu Yera arakora muri wewe kugirango uhindure ubuzima bgawe, ugaragaze uwera cane, Umwami Yesu Kristo.

Ariko kubera ikibanza dufise nk « abera » ubuzima bwacu bukwiriye kugaragaza ukwo kuri.
« Nk’ukw Iyabahamagaye ar’ iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose. Kuko vyanditswe, ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera. »(1 Petero 1:15-16)

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, udufashe kugaragaza ubweranda mu buzima bgacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *