N’IKI DUKENEYE KUMENYA ?

Bibiliya itubgira ko umuntu wese atagira ubgenge agowe.

Umuhanuzi Hoseya avuga ababaye ko abantu biwe bariko barahona bazira kubura ubgenge:
« Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge… »(Hoseya 4: 6)

None ni bande bazoranduka bazira kutagira ubgenge?
Bamwe, n’abantu batazi ko batagira ubgenge, abo nabo, bakaba badashobora kwumva ko banabukeneye.
Abandi, ni abantu bazi ko badafise ubgenge ariko batanabushaka.

Ariko none, n’iki umuntu wese akwiye kumenya ?
1. Umuntu wese akwiye kumenya umutima w’Imana yamuremye, urukundo imukunda, ico ikunda n’ico yanka;
2. Umuntu wese akeneye kumenya ko Yesu ari inzira igana ku Mana, ubuzima n’ukuri;
3. Umuntu wese akeneye kandi kumenya aho inkomezi ziwe ziri kugirango azikoreshe mu guhimbara Imana, n’aho intege nke ziwe ziri kugirango aziganze hanyuma ashobore kubungabunga ubuzima bgiwe.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe ubwenge.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *