IYO ATARI UHORAHO…

Imana idatanze umugisha, ibikorwa n’imigambi vy’umuntu ntibishobora kugira iterambere ryiza.

« Uhoraho iy’ atari we yubaka inzu Abayubaka baba baruhira ubusa. Uhoraho iy’ atari we azigama igisagara Umuteramyi abera maso ubusa. »(Zaburi 127:1)

Imibano yacu n’ubucuti bwacu bidashingiye kw’ijambo ry’Imana, ntivyoramba. Biramvye naho, ntibiba bihimbaye.
Kandi Uhoraho atariwe azigamye ubucuti bgacu, ingo zacu ndetse n’imigambi yacu, ntibishobora kuramba: ijambo rimwe gusa ribi, akantu gato gusa kumbure katahuwe nabi, umukeko canke kuraba nabi, birashobora gusenya vyose.
Dukwiriye rero gusengera ingo zacu, imiryango yacu, ubucuti bgacu n’imigambi yacu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, zigama imibano yacu n’imigambi yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *