NTA GISANZWE, VYOSE N’IBITANGAZA !

Igihe Yesu yava ku kiyaga c’i Galilaya aja ahantu ha wenyene h’ubugaragwa, abantu benshi baramukurikiye. Bari abantu barenga 5.000 kandi Yesu yarabigishije ibintu vyinshi.

Ariko, kubera impuhwe n’ubwinshi bw’abantu, Yesu « abakiriza abarwaye. »(Matayo 14:14)
Kandi yaranagaburiye abantu imitsima itanu n’amafi abiri maze « bararya bose barahaga. »(Matayo 14:20)

Igitangaje, n’uko abantu bose bahaye agaciro igitangaza co gukiza abarwaye n’ico co kugaburira isinzi ry’abantu ibihumbi bitanu n’imitsima n’amafi bagahaga, ariko nta muntu n’umwe yahaye agaciro ko yashoboye kuvuga no kumvikana ata mikoro (microphone🎤), muri abo bantu ibihumbi bitanu bose, ngo babone ko navyo ubwavyo vyari igitangaza gikomeye!
Abo bantu babona ko ari ibisanzwe kuvugana n’isinzi ry’abantu ibihumbi bitanu kandi bakumva, nk’uko abantu b’ubu babona ko ari ibisanzwe kubaho, kuvyuka mu gitondo inyuma yo gusinzira mw’ijoro, kugira amagara meza, kugira ibiryo bihagije, kubona, kwumva, kuvuga, kwiyumvira, n’ibindi.
Kandi yamara vyose, na cane cane ivyo dufata nk’ ibisanzwe, n’ibitangaza.
Nta kintu n’a kimwe gisanzwe, vyose n’ibitangaza!

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kubona ibitangaza vyawe muri vyose no kugushima.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *