NTA MWANYA UGIRA !

N’aho igihe coba gito gute, ntushobora kubura umwanya wo gukora ico wifuza gukora. Ikintu kigufitiye akamaro canke ikintu uha agaciro, urakironderera UMWANYA.

« Ariko, bene Data, ibi ni vyo mvuga, yukw igihe cagiriye: uhereye none abari n’abagore bamere nk’abatabagira. »(1 Abakorinto 7:29)

Iyo rero uvuze ko wabuze umwanya wo gukora ikintu, uba ubeshe. Muvy’ukuri, biba bisigura ko ico kintu utagihaye agaciro canke wabonye har’ibindi bikiruta gukenerwa canke kwihutirwa.

Uko vyogenda kose, nta muntu wa Kristo yovuga ko yabuze umwanya wo kwihererana n’Imana canke gusenga. Uvuze ko utagira umwanya wo kuvugana n’Imana canke kuyumviriza, bisigura ko kubgawe, kuvugana n’Imana bitagira akamaro kandi ko n’amasengesho atari ngombwa.
Mur’ico gihe, ukwiriye kuvyitondera kuko uba usigaye uyoborwa na Satani!
Kandi iyo Satani ariwe akuyobora, ntushobora gufatira umwanya Imana, kuko Imana ntiba ari inkoramutima kuri wewe.
Icifuzo ca Satani n’ukugukura ku Mana buhoro buhoro gushika igihe uzohagarikira burundu umubano wawe n’Imana, n’aho Imana yo itazoguheba.
Witonde! Igihe cose wumva udashaka gusenga, niwo mwanya mwiza wo kwiyegereza Imana no gusenga.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kutazigera tubura umwanya wawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *