NTA WUGOROROKA, NTA N’UMWE !

Uribaza ko uri umugororotsi, umuntu mwiza ukwiriye ijuru? Urihenda.
Bibiliya itubwira ko ata wugororoka abaho!

« Nta wugororoka, nta n’umwe. »(Abaroma 3:10)

Muvy’ukuri, n’ubwo ata kintu ico ari co cose dushobora gukora codutsindanishiriza imbere y’Imana, tugaragara nk’abagororotsi imbere y’Imana kuko « dutsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibiduhereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu. »(Abaroma 3:24)

Urubanza twicira ubwacu rurabogamye. Ariko Imana Yo ntitubona cokimwe n’uko twibona. Iturabisha amaso y’ubuntu, imbabazi n’urukundo byayo. Kandi uko itubona nivyo bihambaye kiruta ibindi kuko ari Yo izocira urubanza abazima n’abapfuye. Erega urupfu ni ikimenyetso cerekana ko abantu bose ari abanyavyaha.
Ntihakagire umuntu yiyumvira ko ibikorwa vyiwe vyiza vyomukiza. Biravuna kandi bitanashiboka.
Imana niyo ikiza. Kandi Imana ikiza ibicishije gusa ku muhuza wenyene atunganye, ariwe Yesu yemeye gupfira Ku musaraba kubwacu.
Tugerageje gushushanya, Yesu ameze nk’imodoka itwara abantu mu mutekano ntangere mw’ijuru.
Reka rero twinjire muri Yesu kugira turokoke. Muvy’ukuri, Yesu niwe yivugiye ati:
« Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye. »(Yohana 14:6)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe ubutwari bwo guhora turondera gukurikira no kwigana umwana wawe Yesu Kristo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎️: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *