NTIMUKINE UMUKINO W’UMWANSI

Pawulo na Barinaba, baburiwe ko abanyamaha ga n’Abayuda, bafatanije n’abashingantahe babo, bagira babagirire nabi banabicishe amabuye, bategerezwa guhungira mu bisagara bibanyi vya Ikoniyo no mu micungararo.(Ivyakozwe 14:5-7)

Nta kintu na kimwe kibi bari barakoreye abashingantahe b’aho hantu, canke abanyagihugu baho. Abanyagihugu bari bigabuyemwo kubiri, igice kimwe ciyemeza kurwanya izo ntumwa.
Muvy’ukuri, iyo abantu bafise urwanko n’inzigo, mu bisanzwe ntibaba bavyiteye bonyene; baba babikoreshwa na Satani. Ivyo, Pawulo yari abizi.
Pawulo aravuga mu kindi gice ca Bibiliya ko:
« Abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru. »(Abanyefeso 6:12)

Igihe natwe, tuzokwumva nka Pawulo, ko umwansi wacu nyawe ari Satani, ko ariwe atuma abantu kurwanya abandi, bizotworohera kwirinda vy’ukuri guhangana, gutongana canke kuburana n’ababanyi bacu.

Kwiyemeza guhangana n’umuntu wese satani akoresha mu kutugirira nabi, ni ugukina umukino wa satani.
Satani arazi uko akwega imigozi kugira ngo adutandukanye n’abandi canke adutere uburake, ariko nitwanka kurwana urugamba satani azoba yatanguje, tuzobasha kwirinda imanza zose zidakenewe ziduteranya n’ababanyi bacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe ubwenge bwo guhora tuzi kwirinda gukina umukino wa Satani.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *