NTIWIZERE IBINYOMA VYA SATANI

Inyuma y’aho Imana ibwiriye Adamu na Eva ko kizira gukora no kurya ku camwa c’igiti cari hagati mu murima wa Edeni, kugira ngo ntibace bapfa(soma Itangiriro 2:16-17), Satani yabwiye Eva iti:
« Haba n’intete ntimuzopfa; kukw Imana izi yuk’ umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’ Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi. »(Itanguriro 3:4-5)

Mbega ikinyoma!
Ikibabaje, Eva yaravyemeye aho kwizera ijambo ry’Imana.
Muvy’ukuri, ikintu cose kinyuranye n’ijambo ryaturutse mu kanwa k’Imana gitegerezwa gufatwa nk’ikinyoma, kandi ntahandi kiba kivuye atari kwa Satani.
Satani ntiyigera atwegera imbonankubone kugirango atubeshe, akoresha abagenzi bacu, abo dukorana, ababanyi, abo mu muryango wacu, na cane cane abantu dusanzwe twizera cane.
Abo rero batubwira vyinshi.
Nk’akarorero, hari abatubwira ngo Imana yaraduhevye, ngo ahubwo igira iduhonye kubera ivyaha vyacu. Ico n’ikinyoma kiva kuri Satani, kuko Imana yanka icaha ariko ntiyokwanka abana bayo ngo n’uko bakoze ivyaha. Ntishobora no kutwica kuko iradukunda Ku buryo yageze n’aho isesa amaraso y’umwana wayo kugira ngo turokoke.
Hari n’abatubwira kandi ngo kubera ubuntu bw’Imana, twemerewe gukora ivyaha ata nkurikizi. Navyo n’ikinyoma gikomeye ca Satani kuko umuriro urarindiriye abanyavyaha banse ubuntu bw’Imana bumemerera kwihana ariko bakavyanka.
Tube maso, ntiduhendwe.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kutazosubira kwizera ibinyoma vya Satani.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *