NTUGATINYE INGORANE

Ingorane ntiziza kugira ziduhitane canke zitwigize kure y’Imana. Ivyo nivyo satani aba yifuza, ariko ingorane mu buzima n’umwanya mwiza Imana iba ibonye kugira itwiyereke kandi itwereke n’ico ishobora gukora mu buzima bgacu.

MU NGORANE DUCAMWO, IMANA IBA ISHAKA KUTWEREKA INKOMEZI ZAYO
Imana yakoresheje ikiyaga gitukura kugira yereke abana b’Isiraheli inkomezi zayo n’ubushobozi bgayo.
Nico gituma, igihe cyose tubonye ingorane canke ibibazo, dukwiriye kwumva gusa ko Imana ishaka kugaragaza inkomezi zayo canke ubushobozi bgayo mu buzima bgacu.

MU NGORANE DUCAMWO, HAR’AHO IMANA IBA ISHAKA KO IBIKORWA VYAYO BIBONEKERA KU BUZIMA BGACU
Igihe abigishwa ba Yesu bahura n’umuntu yavutse ar’impumyi babajije Yesu bati: Ninde yakoze icaha? Uyu muntu canke abavyeyi biwe?
Yesu yabasubije ati:
« Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we. »(Yohana 9:3)
Imana ikoresha kandi ibibazo vyacu canke ingorane zacu kugira itwiyegereze, idukuze kandi itezimbere impano zacu. Ivyo vyose nivyo Imana iba yifuza gushikako kugira ibikorwa vyayo bibonekere ku buzima bgacu.
Ingorane zitwegereza Imana:
Iyo tugize ibibazo, twirukira ku Mana. N’Imana irakunda gukoresha ibibazo vyacu kugira ngo itwiyegereze kuko kenshi twemerera ubuzima bukadusamaza. Irazi ko itaretse ikibazo ngo kitubeko, ngo duhure n’ingorane, twokwigumira mu nzira zacu zitwigiza kure Yayo. Ariko iyo duhuye n’ingorane, duca dukubita agatima impembero, tukigarura.
N’aho duhura n’ingorane nyinshi n’imibabaro, Imana iradutabara ikadukiza muri vyose (Zaburi 31:19), kandi Imana itugirira ubuntu bwo kubicamwo neza no kubitsinda.
Ingorane zituma dukura:
Tudahuye n’ingorane, ntitwokura. Dukwiriye kurwanywa mu buzima bgacu kugira dukomere kandi dukure.
Ibibazo vyacu bidutuma dukoresha ukwizera kwacu n’ukwizigira Imana. Bituma turushaho gukura kandi bikubaka ukwihangana kwacu.
Ingorane zituma twiteza imbere kandi tumenya impano zacu:
Iyo turiko turakura mu bibazo vyacu tutangura kurondera impano zacu. Burya ingorane zirafise ukuntu zituma tuvumbura impano tutigeze tumenya ko dufise.
Imana ikunda gukoresha ibibazo kugira ngo izo mpano z’agaciro yadushyizemo zigaragaze kuko ntikunda ko impano zacu zisinzira.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora tubona ibihe bigoye canke ibibazo vyacu nk’amahirwe yo kubona ubushobozi bgawe mu buzima bwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *