NTUKEBUKE INYUMA !

Rimwe na rimwe, kahise kacu karatumara nk’umuriro, birababaza. Dutegerezwa kwitandukanya nako, tukaraba imbere kandi tukaja imbere muri kazoza, twizeye ko Imana yaduteguriye ubuzima bushasha bwiza.

« Ariko muka Loti amukurikiye, akebuka inyuma, aca ahinduka inkingi y’umunyu. »(Itanguriro 19:26)

Iyo turavye inyuma muri kahise, duhinduka nk’inkingi, kuko ntituba turiko turaba imbere IYO tuja, tuba duhagaze.
Aho gutera tuja imbere, tuba duhagaritswe no kwiyumvira ivyatunezereje, n’ivyo twakoze nabi, tukavyicuza, bikaduc’intege zo gukomeza urugendo.
Ariko, Imana yo iba ishaka ko tubaho ubuzima bwiza tudasamajwe n’ivyo muri kahise.
Igihe kirageze rero ko dufata icemezo co kwitandukanya na kahise kacu, tukubaha kazoza kacu keza ata kidusamaza.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kwitandukanya n’ivya kahise.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo dusenze, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *