NTUTINYE, WIZERE GUSA

Mu gihe Yayiro, umukuru w’isinagogi yariko asaba Yesu ngo akize umwana wiwe, uwo yari yarasize aremvye cane muhira, haje abantu baje bava iwe bamubwira bati: « Wa mwana wawe aracikanye; uracagorera iki Umwigisha? »
Ariko Yesu, yirengagije ivyo bavuze, abwira UWO mukuru w’isinagogi ati:
« Ntutinye, wizere gusa. »(Mariko 5:36)

Nkako, umukuru w’isinagogi yari yaboneyeho umwanya kuva abonye Yesu kugira ngo amugaragarize akababaro kiwe (umur. 22-23) mu gihe abari bamukikije bo bari bafise inyifato mbi.
Kenshi, abatizera baba batwegereye bica ukwizera kwacu.
Iyo turavye uko ibintu bimeze, n’uko bigaragara, birashobora kudushikira natwe tukagira amakenga.
None bitugendera gute iyo duhuye n’ikibazo? Kenshi tugira ubgoba.
Ariko ubgoba buratwonona kandi butuma tugira amakenga. Kugira amakenga no kwihebura nivyo bansi bambere b’ukwizera.
Mu bihe vyose bigoye ducamwo Yesu atubgira ati: « ntimutinye, mwizere gusa ».
Reka rero dushire ukwizera kwacu mu ngiro aho kwemera ko ukwizera kwacu kwicwa n’amakenga kuko vyose birashoboka ku bizera nk’uko vyanditswe muri Mariko 9:23.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutigera tureka ubgoba no n’amakenga ngo vyice ukwizera kwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *