RABA IBIKURABA

Reka kurazw’ishinga n’imigenderanire iri hagati y’abandi n’Imana.
Ahubwo niwitwararike imigenderanire yawe bwite n’Imana.

Reka kwigira umugenzuzi w’agakiza k’abandi.
Agakiza kabo kari hagati yabo n’Imana, wewe ntibikuraba.

Reka abantu, raba ivyawe.

Ni wabona umuntu ariko akora ikintu kitari co, umusengere.
Ushobora kuvuga ko yasubiye inyuma mu kwizera, ariko ntushobora kumenya ko kumbure yamaze kwihana no gusubira ku Mana.

Aho kumunegura uvuga uti:
«Imana izokwica!» canke «Imana izoguhana!»,
ahubwo umusengere.

Vuga uti:
«Data, mufashe. Muyobore umugarukane mu nzira nziza.
Komeza ukwizera kwiwe, kandi umwiyegereze kurushiriza.»

Bibiliya ivuga iti:
«Wewe uri nde uhinyura umushumba w’abandi? Kukw imbere ya shebuja ari ho ahagarara cank’ agatemba; mber’ ushime azohagarara, kuk’ Umwami wacu ashobora kumuhagarika.»
(Abaroma 14:4)

Nturi umucamanza w’abandi.
Imana ni yo mucamanza.

Inshingano yawe s’ukugenzura agakiza k’abandi.
Inshingano yawe ni ukugendana n’Imana ubwawe, kandi ukayibera umwizigirwa.

Niwitwararike ivyerekeye ubuzima bwawe bwo mu mpwemu.
Senga cane. Gabanya gucira abandi imanza.

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *