REKA DUKORESHE UBUBASHA TWAHAWE !

Yesu Kristo ntiyigeze asengera abarwayi n’abamugaye, ahubwo yakoresheje ububasha bwiwe arabakiza, arabahumanura, arabazura.
Amaze gukora ibitangaza vyinshi, yarahamagaye abigishwa biwe cumi na babiri, arabaha nabo ububasha ku mpwemu zihumanye n’ubgo kuzisenda, no gukiza indwara zose n’ubumuga bgose.
Ati:
« Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi. »(Matayo 10: 1,8)

Ubwo bubasha nibwo abigishwa biwe basigaye barakoresha, Yesu amaze kwisubirira mw’ijuru.
Ubwo bubasha nibwo natwe twahawe igihe twakira Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wacu.
Ariko, n’aho dufise ubwo bubasha, ntidushobora kubukoresha tudafise ukwizera.
Yesu yavuze ko tuzokora ibitangaza nitwaba dufise ukwizera.
« Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira. »(Luka 17:6)
Yavuze kandi ati:
« Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya… mwobgira n’uyu musozi, muti Shinguka, utabge mu kiyaga; vyoba ko. »(Matayo 21:21)

Reka rero tugire ukwizera kugira tubashe gukoresha ubwo bubasha twiherewe ku buntu n’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe ukwizera kugira dukoreshe ubutware waduhaye.
Ni mu izina ry’agaciro ry’umwana wawe Yesu kristo tubisabye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *