REKA KWIGANYIRA !

Abantu benshi bifuza kubaho igihe kirekire. Kandi bamwe bakora ibishoboka vyose kugirango babeho ubuzima bwiza. N’abahinga birirwa bararondera uburyo bwo kuramba no kwirinda gusaza.
Ariko, kwiganyira kubera ibibazo vy’ubuzima ntawe bifasha kuramba, ahubwo biramusenya.

« Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe? »(Matayo 6:27)

Uretse ko tudashobora kwiyunguraho n’isaha n’imwe ku buzima bgacu mu kwiganyira nk’uko Yesu abivuga, twica ivyizigiro vy’ubuzima bgacu.
« Amaganya yo mu mutima w’umuntu awutera kwicurikira, Arikw ijambo ryiza rirawunezereza. »(Imigani 12:25)
Muyandi majambo, nta mpamvu yo kwiganyira.
Noneho, ubushakashatsi bw’ubuvuzi buherutse kwerekana ko kwihebura no kwiganyira vyongera ivyago vyo gupfa vyihuse.
Twirinde kwiganyira.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe guheba kwiganyira.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *