REMA NTIWIHEBURE

Urukundo Imana ikunda ubwoko bwayo ruyihatira kubucungura. Ntidukwiriye rero guhungabanywa n’ivyo twocanwo, n’aho vyoba bikomeye nk’ibyo Isiraheli yaciyemwo.

Yesaya yari yarahanuriye Yerusalemu ko izocungurwa, kandi vyarabaye:
« Ni muturike munezerwe, muririmbire hamwe, yemwe misaka y’i Yerusalemu: kuk’ Uhoraho aremesheje abantu biwe, acunguye Yerusalemu. »(Yesaya 52:9)

Bitwereka ko Imana idaheba abayo. Vyaranagaragaye igihe itanga umwana wayo agapfira Ku musaraba kugira ducungurwe.
Ubu buzima ducamwo bwuzuye imibabaro yo mu mitima, guhahamuka, ivyizigiro n’indoto tubona tudashikako, n’ubuja twiberamwo bitwiba umunezero.
Ariko Imana ntireka ngo tugume duhungabanye mu mutima. Iraza mu buzima bwacu nk’umuhoza, ikaducungura ahantu hijimye mu mateka yacu, kandi ikaduha impamvu zo kogusubira kugira umunezero.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dushoboze kurindira twizeye ko uduhumuriza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *