SI WE, N’IMANA!

«Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.»
(Ab’i Filipi 2:13)

Nta muntu ashobora kuba isoko ry’ivyiza vyose ku bw’inkomezi ziwe bwite. Imana ni yo Soko ry’ivyiza vyose. Ni Yo ishira mu mutima w’umuntu icipfuzo co gukora ivyiza, ikamuha n’ubushobozi bwo kubishitsa.

Nuko rero, iyo umuntu akugiriye neza, ntuhagararire kuri uwo muntu gusa, ahubwo raba Imana yamukoresheje.

Si we, n’Imana!

Kandi iyo uwo muntu ahagaritse kukugirira neza, ntucike intege, ntugumane inzigo mu mutima, kandi ntuce wiyumvira ko ivyiza Imana yari igufitiye birangiye.

Imana ntigarukira ku gikoresho kimwe gusa.

Morudekayi yabwiye Esiteri ati:
«Kuko ni wapfa kwiyumya mur’ iki gihe, nta kizobuza Abayuda gutabarwa bakarokoka, ariko bivuye ahandi.» (Esiteri 4:14)

Umuntu yagufashije ejo ashobora guhagarika kugufasha uno musi. Ariko Imana irashobora kurungika uwundi muntu, kukugururira urundi rugi canke kugucira iyindi nzira kugira ngo ibandanye igikorwa cayo mu buzima bwawe.

Nuko rero, ntukagume cane ku gikoresho ngo wibagire Isoko.

Abantu barahinduka.
Igikoresho kirashobora guhagarara.
Ariko Imana iguma ari iyo kwizigirwa.

SI WE, N’IMANA!

IGISABISHO:
Mwami, mfasha kubona ukuboko kwawe inyuma y’ivyiza vyose ngirirwa, kandi sinzokwigere nyoberwa ngo mfate igikoresho nk’uko coba ari co Soko. Amen.

Shalom!

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *