TWAME DUHUNGA UBUSHAKANYI

Bibiliya iduhanura kwama duhunga ubushakanyi kuko kenshi tutaba tuzi neza ko dushobora kunanira ibigeragezo vyabwo canke ko twobivamwo amahoro.

« Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ushakana aba acumuye ku mubiri wiwe. »(1 Ab’i Korinto 6:18)

Mu bisanzwe, ibintu vyose bitwosha nabi, bidukundisha ivy’isi bikadutandukanya n’Imana, dukwiriye kubihunga:
« Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza. »(1 Timoteyo 6:11)
Ariko mu buryo budasanzwe, ijambo ry’Imana riduhimiriza guhunga ubushakanyi.
Muvy’ukuri, umuntu ntashobora, wenyene, kunanira ibigeragezo vy’ubushakanyi. Dukeneye ubuntu bw’Imana n’ubufasha bwa Mpwemu Yera kugira ngo umutimanama wacu ube maso. Ariko inzira nziza yo kunanira ibigeragezo vy’ubushakanyi, n’ukubihunga!
Uko niko na Yosefu, yabigenje igihe muka Potifari amusaba gusambana nawe.(Soma Itanguriro 39:11-12) Yosefu yaciye amuhunga.
Natwe, twame duhunga ubushakanyi.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dushoboze kwama duhunga igihe cose duhuye n’ikigeragezo c’ubushakanyi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *