TURASHOBORA GUTSINDA ISI !

Ijambo ry’Imana riratubwira ko abana b’Imana bashobora gutsinda isi.

« Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi. »(Yohana 16:33)

Kandi kubera ko Umwami wacu Yesu yatsinze isi, natwe abamwemera, turashobora kuyitsinda.
« Ni nde atsinda isi, atar’ uwizera yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana? »(1Yohana 5:4-5)

Nta mpamvu rero dufise yo guhungabana.
Ibibazo bizoza, ariko tuzobitsinda!
Indwara zizoza, ariko tuzozitsinda!
Ingorane zizoza, ariko tuzozitsinda!
Reka tunezerwe kuko dushobora gutsinda isi.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kuguma twizeye umwana wawe Yesu Kristo mu bihe bigoye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *