TWOKOR’IKI KUGIRA TUBONE ICO TWASEZERANIJWE ?

Iyo Imana idusezeranije ibintu, dukwiriye imbere ya vyose kubanza kuvyemera tukavyakira nk’ivyamaze kuduhabwa, tukavyizera.

« Aburahamu yizera yizigiye ibitokwizigiwe, ngw abe sekuruza w’amahanga menshi, nk’uko vyavuzwe, ng’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana. Kandi ntiyagabanukak’ ukwizera, yitegereje umubiri wiwe umaze kuba akaheze, kuko yar’ amaze imyaka nk’ijana y’amavuka yiwe, na Sara yari yaraciye. Ariko yiyumviriye ic’ Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranishwa no kutizera, arikw aremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro. »(Abaroma 4:18-20)

Intambwe yambere, n’iyo kwizera n’ugutangura kubona ivyo twasezeranijwe nk’aho twamaze kubihabwa, nk’uko Aburahamu na Sara babibona mu kwizera.

Intambwe ya kabiri, n’ukudaha umwanya icodutuma dukekeranya.

Intambwe ya gatatu n’ukuninahaza Imana, tuyihesha icubahiro ko yabiduhaye. Iyi ntambwe irenga ikirere co mw’isi ikatwinjiza mu bwiza bw’Imana, noneho amasezerano agasohora.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kukwizera nk’uko uri.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *