UBURYO BGIZEWE BGO GUSENGA

Igihe yariko yigisha abigishwa biwe uko bakwiriye gusenga, Yesu yarababwiye uburyo bgizewe bgo gusenga, ibintu bigakunda.

Yesu yashimikiye ku nyifato bakwiriye kugira imbere y’uko basenga. Yababgiye ati:
« Iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhera. »(Matayo 6:6)

Kuja haruguru mu nzu no kubanza kwugara urugi, bisigura kwiherera no kwitandukanya n’ibindi bintu vyose bishobora kudusamaza.
Mu nzu hacu, ni mu mutima wacu.
Mu mutima wacu naho, niho tuvuganira n’Imana.

Kugira dusenge rero mu buryo bgizewe, dukwiriye gusenga umutima uri hamwe, ata kiwuhungabanya kandi ata kiwuvuguruza.
Ivyo bisigura ko ivyiyumviro vyacu, umubiri n’umutima bibanza kwiyunga bikagira ubumwe kuko atari vyiza gutangura kuvuga amajambo yo gusenga tutabanje kwiyumvira ku gikorwa tuba tugire dutangure co gusenga.
Ico gihe, ivyo tuvuze dusenga, nta gice na kimwe kitugize kibihakana, kuko amarangamutima n’ubugombe vyacu vyifatanije n’umubiri n’umutima vyacu biba bivyumva kumwe.
Ni navyo Yesu yavuze, ngo dusenze ntidukekeranye mu mutima wacu.
« Ni co gitumye mbabgira yukw ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona. »(Mariko 11:24)

Dusenze dukekeranya mu mutima wacu, biba ari ivy’ubusa kuko tuba tutemera ivyo dusaba ko bishoboka. Umutima ntuba wemera ivyo umunwa uvuze mu gusenga.
« Ukekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa. »(Yakobo 1:6)
Ariko, dusenze tudakekeranya mu mutima wacu, ukwizera kwacu guca gutangura kutwereka ivyo dusengera, tukabibona n’amaso y’umutima imbere yo kubibona n’amaso n’umubiri.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, dushoboze guhora tugusenga tudakekeranya.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *