UBUTUNZI N’UBUSA !

Harageze igihe mu buzima bwiwe, aho Umwami Salomo, mwene Dawidi, amenya ko vyose ari ubusa, ko n’ubutunzi yegeranije ari ubusa.

“Niguriye abagurano b’abagabo n’abakobga, bavyarira abandi mu rugo rwanje; kandi nagize itunga ryinshi ry’amasho n’imikuku kurusha abantanguriye bose i Yerusalemu; kandi nirundiye ifeza n’izahabu, bo n’itunga riherereye ku bami rivuye mu ntara zose; nirondereye abaririmvyi b’abagabo n’abakobga, bo n’ibinezereza abana b’abantu, ni vyo ncoreke nyinshi cane.”(Umusiguzi 2:7-8)

Ibintu vyose birarengana, ntakintu gihoraho.
Turashobora kumenya ko ubwo butunzi abantu bicira abandi budahoraho?
Iyo tutabonye ubutunzi buduca mu myanya y’intoke, tutari bubashe kubugumana canke kububika, twe tubusiga twicuza mu maboko y’abataburondeye, iyo dupfuye.
Ijambo ry’Imana ritwigisha kutabwizirikako, ahubwo tukizirika kuvy’Ubwami bw’Imana.
« Ntimukirundanirize ubutunzi mw isi, ah’ inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikimba bikabgiba. Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’ inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe.”(Matayo 6:19-20)
Vyongeye kandi, inyigisho za Yesu kuvyerekeye amafaranga n’ubutunzi zivuga ko amafaranga ari meza iyo tuyakoresha mu gutezimbere ubwami bw’Imana, ariko akaba mabi iyo atugize abaja bayo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dufashe kwibanda ku butunzi bwo mw’ijuru kuruta kwibanda ku butunzi bwo mw’iyi si.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *