URIHANGANIRA ABANDI ?

Mw’ibaruwa yandikiye Abanyefeso, intumwa Pawulo aduhimiriza kwihanganira abandi:

« Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe, mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo. »(Abanyefeso 4:1-2)

Ese ukuntu bitangaje kubona twifuza ko abandi bihanganira amakosa n’amabi yacu, ariko ntitwifuze na gato kwihanganira ay’abandi!
Muvy’ukuri, nta kintu gisanzwe nko kwihanganira amakosa ya bagenzi bacu iyo tutahaye agaciro ivyo badukoreye, canke iyo twiyorobetse nk’abafarisayo kugira ngo abantu ntibaducishemwo ijisho.
Ikidasanzwe, n’ukwihangana biturutse Ku mutima w’urukundo.
Urukundo nyarwo, rumwe Imana yifuza ko dukundana, nirwo rwonyene rushobora kudushoboza kwicisha bugufi, kwiyorosha, kuba abagwaneza, kwihangana no kubabarira abandi mu mubano wacu n’abandi.(Soma no mu baKolosayi 3:12-14)

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze kwihanganira amakosa y’abandi no kubababarira.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *