URUGAMBA RWO MU MPWEMU

Satani ubwiwe n’impwemu, anadutera mu buryo bw’impwemu n’ubwo ingaruka zigaragarira mu mubiri.

Intumwa Pawulo avuga ati:
« Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri, kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingura akarimbi. »(2 Ab’i Korinto 10:3-4)

Mw’isi, ni mu ntege nke, muri ubu buzima bw’umuntu apfa, akikujwe n’ibimugerageza, amakuba, n’intambara.
Naho rero tugenda dufise umubiri w’umuntu kandi satani akaduterera muri uwo mubiri nyene, ntitugomba kurwana canke kwivuna mu buryo bg’umubiri.
Ahubwo, nk’abana b’Imana, tugomba kugwana intambara yo mu mpwemu.

Mw’ibaruwa Pawulo yandikiye Abanyefeso, arasobanura uburyo umwana w’Imana ategerezwa guhangana n’ibitero vya satani. Avuga ati:
« Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza, mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibiteguza; kandi hamwe n’ivyo vyose mwabire inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro. Mwabire inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana: »(Abanyefeso 6:14-17)

Mu ntambara zacu zo mu mwuka, ibigwanisho vyacu bikomeye cane ni ukwizera Imana n’ijambo ry’Imana.

Rero, dufise ukwizera Imana, kandi twishimikije ijambo ry’Imana, turashobora kwivuna ibitero vyose, gutera no kurwanya umwansi biciye mu masengesho.
Biciye mu masengesho turaburabuza imigambi yose y’abansi bacu yo kuturwanya.
Biciye mu masengesho turasenya ivyiyumviro hamwe n’ubwibone byose bivuguruza ubumenyi bw’Imana, kugirango ivyiyumviro vyose biyobokere Kristo.
Biciye mu masengesho, turasenya ibikorwa vyose vyakozwe kuri twebwe tutabizi, n’abakozi ba Satani.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kumenya uko twitwara neza mu ntambara zacu zo mu mpwemu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *